Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ubwo nyene haza igihinda kivuye mw’ijuru kimeze nk’umuyaga mwinshi w’igihuhusi, cuzura mu nzu barimwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 2:2
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramwishura, ati Sohoka uhagarare hanze ku musozi imbere yanje, jewe Uhoraho. Ako kanya Uhoraho arahaca, maze haza umuyaga mwinshi w’igihuhuta usatagura imisozi, umenagura ibitandara imbere y’Uhoraho; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ uyo muyaga. Umuyaga uciye, habaho gutigita kw’isi; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ ukwo gutigita.


Iguruka ivyagiye ku mukerubi, Mber’ igurukishwa vuba n’ amababa y’umuyaga.


Kanguka, wa muyaga uva i burārūko, nawe uw’ i bumanuko, n’uze; Muhūhe ku murima wanje, kugira ng’ ubutāmirane bgaho bukwire hose. Umukunzi wanje n’aze mu murima wiwe, Arye ivyiza vyiwe vyamye muri wo.


Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Uwo mwanya hamwe n’uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw ijuru, zihimbaza Imana,


Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese.


Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’ umuriro; bibajak’ umwe‐umwe.


Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuk’ umuntu wese yumvise ururimi rw’i wabo baruvuga.


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ