Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 17:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuko Paulo, nk’uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Pawulo yinjira mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigenza. Amara amasabato itatu akurikirana aharira na bo ku Vyanditswe Vyera,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 17:2
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.


Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.


Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.


Yesu aramwishura, ati Nabarira ab’ isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’ Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.


Ariko bo bavuduka i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya; ku musi w’isabato binjira mw isinagogi, baricara.


Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda: kandi bāri bafise Yohana agenda arabakorera.


Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.


Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda.


Nukw ahārīrira n’Abayuda n’abubaha Imana mw isinagogi, no mu kaguriro imisi yose ahārīra n’abāmusangaho.


Ahārīrira n’abaho mw isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n’Abagiriki.


Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


Filipo ateranura akanwa, atangurira kur’ ivyo vyanditswe, amubgira ubutumwa bgiza bga Yesu.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga,


Nuko none ni muhagarare, mbāgiririze imbere y’ Uhoraho, mbereke n’ivyo yabagiriye vyose mu bugororotsi, mwe na ba sogokuruza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ