Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 16:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uyo, Paulo agomba ko bajana, aramwābīra aramukeba, kubg’ Abayuda bo mur’ izo ntāra, kuko bose bāri bazi yuko se yar’ Umugiriki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Maze Pawulo yipfuza kujana na we ku rugendo yari ariko, araheza abanza kumukeba ku gitsina gabo kubera Abayuda bo muri ako karere, kuko bose bari bazi ko se yari Umugiriki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 16:3
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


Barunaba agomba ko bajana na Yohana na we, ari we Mariko.


Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bg’Umwami Yesu.


Gukebga nta co kumaze, no kudakebga nta co kumaze, arikw ikigira ico kimaze n’ukwitondera ivyagezwe n’Imana.


Ku Bayuda nabaye nk’Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda: ku baganzwa n’ivyagezwe nabaye nk’ūganzwa na vyo, nah’ ubganje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n’ivyagezwe.


Ariko na Tito twari kumwe ntiyagōberewe ngw akebge, naho yar’ Umugiriki,


Kukw Iyashoboje Petero gutumwa ku bākebge, ari yo yanshoboje nanje gutumwa ku banyamahanga.


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Ariko murazi ingen’ uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’ umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ