Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 15:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 15:2
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko ni wabigenza urtyo, Imana ikabikwemerera, bizogushobokera, n’ aba bantu bose bazohora bataha i wabo ata mwikomo.


Maz’ arabinjiza, abaha indāro. Bukeye bg’aho, Petero arīkora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we.


Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo,


Nukw abo dutumye ni Yuda na Sila, na bo ubgabo bazobabarira mu rurimi bimwe n’ibi.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.


Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.


Jewe Paulo, nahamagariwe kuba intumwa ya Yesu Kristo, nk’ukw Imana yagomvye, na Sositene mwene Data,


Kuko nibgira yukw izo ntumwa zihambaye cane ata co zindusha na gatoya.


Abo ntitwabumviye na gatoya ngo tuganzwe na bo; kugira ng’ ukuri kw’ubutumwa bgiza kugume muri mwebge.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ