Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bamara imisi myinshi bavuga batabobotereza kubg’ Umwami Yesu, ashingira intahe ijambo ry’ubuntu bgiwe, abaha gukora ibimenyetso n’ibitangaza n’amaboko yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 14:3
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.


Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.]


Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we n’uko, uwo Imana yahaye abayumvira.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Yesu aramubgira, at’ Iyo mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza nta ho mwizera na mba.


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ