Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 13:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 13:1
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro,


Kandi Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababgira ijambo ry’Umwami Yesu, bafatanije n’abandi benshi.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Ariko Sauli ari we Paulo, yuzuye Mpwemu Yera, amuhanga amaso,


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.


Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,


Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.


Kandi n’abandi Bayuda bahumbana na we, bitayeko na Barunaba atwarwa n’ubgo buhumvyi bgabo.


Canke jewe na Barunaba ni twebge twenyene tutemererwa kureka gukora?


Timoteyo, dukorana, arabaganūtsa, bo na Lukiyosi na Yasona na Sosipatiro, dusangiye umuryango.


Uwo yar’ afise abakobga bane b’inkumi, bāvugishwa n’Imana.


Paulo amaze kubarambikakw ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.


Ariko Sauli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi, aja ku muherezi mukuru,


Bakirenga irembo bahūra n’Umunyakurene yitwa Simoni, uyo baramufata kugira ngw amutwaze umusaraba.


Umugabo wese iy’ asenga cank’ avugishwa n’Imana umutwe wiwe utwikiriye, aba awuteye isoni.


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


Urukundo nta ho rushira. Ukuvugishwa n’Imana kuzokūrwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubgenge buzokūrwaho.


Kandi n’abavugishwa n’Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure.


Impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ