Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ abonye ko bihimbaye Abayuda, ariyongeza, afata na Petero. Hāri mu misi y’imitsima itambiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 12:3
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kukw ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa: ntihaze hagire ūrenguka iminwe misa imbere yanje.


Ku musi w’intangamarāra wo kurya imitsima itambiwe abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza, bat’ Ugomba ko tugutegurira hehe ah’ uriburīre ivya Pasika?


kuko bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosāzira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba.


Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize.


Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.


Natwe tuvuduka i Filipi turi mu bgato hanyuma y’imisi y’imitsima itambiwe, tubasanga i Tirowa ku musi ugira gatanu, tumaray’ imisi ndwi.


Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akūra Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Paulo akiboshwe.


Fesito agomvye kwikundiriza Abayuda, abaza Paulo, ati Wokwemera kudūga i Yerusalemu gucirirway’ urubanza rw’ivyo mu maso yanje?


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


Mbeg’ ubu n’ishimwe ry’abantu ngomba, canke n’iry’ Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo.


ariko nk’ukw Imana yatwemeye ko tur’ abo kuzezwa ubutumwa, ni ko tuvuga. Ntituvuga nk’abagomba kunezereza abantu, ariko nk’abagomba kunezereza Imana igerageza imitima yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ