Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 10:1
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abasoda b’ico cēgēra ca Kayisari bajana Yesu mw iboma, bateraniriza ingabo zose kuri we.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Maz’ abasoda bamujana imbere mu rugo, ari rwo boma, bahamagara ingabo zose, ziraterana.


Hāriy’ umugabisha w’abasoda ijana, umushumba wiwe akunda cane yar’ arwaye, ari ku mpfiro.


Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha,


Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa.


Bukeye bg’aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yar’ abīteze, yākoranije incuti ziwe n’abakunzi bo ku mutima.


Bakirondera ingene bamwica, inkuru ishika ku mukuru w’abagabisha b’abasoda yukw abo muri Yerusalemu bose bavurunganye.


Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.


Bamaze kumubohesha imigozi, Paulo abaza umugabisha w’abasoda ijana ahagaze aho, ati Mbega biremerwa ko mukubita umuntu w’Umuroma, kand’ ata rubanza rwamutsinze?


Ahamagara babiri bo mu bagabisha b’abasoda ijana, arababarira, ati Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n’abagendera ku mafarasi mirongwirindwi, n’ab’ amacumu amajana abiri, bahenge mw ijoro isaha zitatu bagende.


Abo bashitse i Kayisariya bashīra icēgēra ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Paulo.


Nuko Fesito ashikiriye intāra amara gatatu, araheza ava i Kayisariya adūga i Yerusalemu.


Hashize imisi, umwami Agiripa na Berenike bashika i Kayisariya, baja kuramutsa Fesito.


Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.


Paulo abarira wa mugabisha w’abasoda ijana, hamwe n’abasoda na bo, at’ Aba ni bataguma mu bgato ntimushobora gukira.


Ariko wa mugabisha w’abasoda, agomvye gukiza Paulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yukw abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe:


Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ