Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuko bakoranye, baramubaza, bati Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Abari bakoraniye hamwe na we baramubaza bati: “Mwami, none ubu ni ho ugomba ugarukane ubwami bwa Isirayeli?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 1:6
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakiriko barumva ivyo, avyongerak’ umugani, kuko yari hafi y’i Yerusalemu, kandi kuko biyumvira yuk’ ubgami bg’Imana bugira buboneke uwo mwanya;


Abafarisayo bamubajije igihe ubgami bg’Imana buzozira, arabishura, at’ Ubgami bg’Imana ntibuzoza bgerekanwa,


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwēgēra bihereranye, baramubaza, bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’ umuhero w’isi?


Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye,


Arabishura, ati Eliya azoza koko, aroranye vyose neza.


Aramubaza, at’ Uragomba iki? Na we ati Bivuge, aba bahungu banje babiri ngo baze bicare umwe i buryo bgawe uwundi i bumoso mu bgami bgawe.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Nzosubizah’ abacamanza bawe nk’ubga mbere, n’abajanama bawe nko mu matangura; uheze witwe igisagara c’ubugororotsi, umurwa wizigirwa.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Nuko Petero amubonye, abaza Yesu, ati Mugenzi, uyu we bizoba bite?


Arabishura, ati Eliya abanza kuza koko, akaroranya vyose neza. Ariko vyanditswe bite ku Mwana w’umuntu yukw azobabazwa vyinshi, agatiturwa?


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ