Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Kuko Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, muzobatizwa muri Mpwemu Yera.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 1:5
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze kur’ uwo musi, imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi dutembe amata, kand’ imigezi yose y’i Buyuda izosendanisha amazi; kand’ isōko izotoboka iva mu ngoro y’Uhoraho, inyoshe ikiyaya c’i Shitimu.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


Jeho ndababatirishije amazi, ariko we azobabatirisha Mpwemu Yera.


Yohana ababarira bose, ati N’ukuri jeho ndababatirisha amazi, ariko hazoza ūndusha ubushobozi, ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’inkweto ziwe: uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Yohana arabishura, ati Jeho mbatiza mu mazi; hagati muri mwebge hahagaze uwo mutazi,


Nanje sinaribgamumenye, ariko kugira ngo yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi.


kandi jewe sinaribgamumenye, arik’ Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye, at’ Uwo uzobona Mpwemu amanuka aja kuri we, akamugumako, ni we abatiza muri Mpwemu Yera.


Abizeye bo mu bākebge barūmirwa, abāzananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga na bo basutswekw ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Paulo ati Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera ūzoza hanyuma yiwe, ni Yesu.


Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cank’ Abagiriki, naho boba abagurano cank’ abidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.


iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ