Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorēre isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Umusi umwe, abigishwa bakoraniye hamwe, Yesu abaha iri tegeko ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 1:4
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Naho yaba imisi ibiri, cank’ ukwezi, canke kurengaho, ico gicu uko caguma kur’ iryo hema ni kw Abisirayeli baguma aho bashagaje, ntibagende: maz’ iyo kidūze bakabona kugenda.


Kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri mwebge.


None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?


Kuko Mpwemu Yera mur’ ako kanya nyene azobategekera ivyo mukwiye kuvuga.


Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw ijuru.


nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira,


Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,


Avuze ivyo, abahumekerako, ati Ni mwākīre Mpwemu Yera.


Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.


s’imbere y’abantu bose, arikw imbere y’ivyabona vyatoranijwe n’Imana ivyo bitarabaho, ni twebge, abāsangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye.


Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ