Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kand’ amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongwine, avuga ivy’ ubgami bg’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 1:3
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw aravyuka, ararya, aranywa; izo ndya azigendera imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ashika i Horebu ku musozi w’Imana.


Ni co gitumye mbabgira yuk’ ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo.


Maze Yesu ahwana na bo, ati N’amahoro. Baramwēgēra, bamufata ku birenge, baramusenga.


ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje, abona gusonza.


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Maz’ imisi munani ishize abigishwa bāri mu nzu ukundi gusha, na Toma bāri kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge.


Hanyuma y’ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c’i Tiberiya, kand’ uburyo yiyerekanye n’ubu:


Ubgo bgar’ ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.


Imisi myinshi abonekera abāri baradūganye na we ava i Galilaya aja i Yerusalemu, abo ni bo bamushingira intahe ubu imbere y’abantu.


Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.


Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.


Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka, n’amahoro, n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera.


Nikubita hasi imbere y’Uhoraho nk’ubga mbere, mmara imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa, mbitewe n’ico caha gikomeye mwakoze, co gukora ico Uhoraho abona kw ari kibi, mukamuratsa.


Nari nadūganywe uwo musozi no guhabga vya bisate vy’amabuye, ari vyo vyarikw isezerano Uhoraho yasezeranye namwe, nca mmara kur’ uwo musozi imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa.


yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.


Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ