Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 7:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine, abādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze nca ndumva igitigiri c’abashizweko ico kimenyetso; bari ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bavuye mu moko yose ya Isirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 7:4
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amusohokana hanze, aramubgira, ati Rangamiza, urābe mw ijuru, uharūre inyenyeri, namba woshobora kuziharūra. At’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.


Utwo tubuyenge tunganye igitigiri n’amazina y’ abana ba Isirayeli: tube icumi na tubiri nk’ukw amazina yabo ar’ icumi n’abiri: tumere nk’utubuyenge two kudoma ibimenyetso, tugende twandikwakw izina mu buryo bgo guca amagarwe, tube utw’ iyo miryango ukw ar’ icumi n’ibiri.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Uru ni rwo rugabano muzogabanirakw igihugu, ngo kibere ishamvu imiryango y’Abisirayeli ukw ar’ icumi n’ibiri: Yosefu azotwara imigabane ibiri.


Ababa mu gisagara bo mu miryango yose y’ Abisirayeli, ni bo bazoharima.


kand’ amarembo y’igisagara azokwitiranywa n’amazina y’imiryango y’Abisirayeli; ahahera i burārūko amarembo azoba atatu: rimwe rizoba irembo rya Reyubeni, irindi ribe irya Yuda, irindi ribe irya Lewi.


Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku gihugu c’i Haduraki, izoshinga ibande i Damasiko: kukw abantu bose, n’imiryango yose y’Abisirayeli, bahanze amaso Uhoraho;


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Umushumba wiwe, ati Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, arikw imyanya iracasigaye.


ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.


ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi!


Kandi Yesaya asemerera ivy’ Abisirayeli, at’ Igitigiri c’Abisirayeli n’iyo coba nk’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira ni yo azokira:


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.


Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.


Abo mu muryango wa Yuda bākidomweko n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Reyubeni n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Gadi n’ibihumbi cumi na bibiri:


Igitigiri c’ingabo z’abarwanira ku mafarasi car’ ibihumbi amajana igihumbi kabiri: igitigiri cabo naracumvise.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ