Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ehe, nzozana abo mw’isinagogi rya Satani biyita Abayuda kandi atari bo, bapfukame imbere yawe, bamenye ko ndagukunda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 3:9
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze mu gihugu cose no mu gisagara cose, ah’ icagezwe c’umwami n’ivyo yashinze vyashika, Abayuda baranezerwa, bagahimbarwa, bagatumirana, bakagira umusi mukuru. Maz’ abantu benshi bo mu mahanga yo mur’ ico gihugu batora idini y’Abayuda, kukw Abayuda bāri babateye ubgoba.


Kand’ aba banyarugo bawe bose bazomanuka baze iyo ndi, bankomere ibōbo, bati N’ugende, mwe n’abantu bose bagukondoreye inyuma. Aho ni ho nzoca ngenda. Nuko Mose arasohoka ava imbere ya Farawo, aratse cane.


Kuko wabaye uw’ igiciro kinini mu nyonga zanje, n’umwubahwa, nanje nkagukunda, ni co gitumye nzoheba abantu kubgawe, n’amahanga kubg’ ubugingo bgawe.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abakozi ba Egiputa n’abadandaza ba Etiyopiya n’abagabo barebare b’i Sabe bazoza bagukomere amashi, bazoba abawe, bagukurikire, bazoza bari mu minyororo, bakwikubite imbere, bagutakambire, bati N’ukuri Imana iri muri wewe, kandi nta yindi iriho, nta yindi Mana.


Kand’ abami bazokubera ba se babakurerera, n’abamikazi babo bazokubera ba nyina babakwonkereza; bazokwikubita imbere bubamye hasi, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe; nawe uzomenya ko nd’ Uhoraho, kand’ abanyiteze ntibazomāramāra.


abahungu b’abāguhahaza bazoza bakubite inkoro hasi imbere yawe, n’abāgukēngēra bīkubite imbere y’ibirenge vyawe, bakwite Umurwa w’Uhoraho, Siyoni h’Uwera w’Abisirayeli.


Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahīngūrwe babe umwe, kugira ngw isi imenye kw ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze.


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


Ngo Kand’ uko bizogenda n’uku: ng’ Umuntu wese w’agasigarira ko mu nzu yawe azoza amwikubite imbere, amusabe agafeza n’agatsima, amubgire, ati Ndakwinginze, umpe agakorwa kamwe ko mu vy’ubuherezi, kugira ngo mbone utwo kuntunga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ