Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 17:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Wa mumarayika aca antwara mu bugaragwa muri Mpwemu. Nca mbona umugore agendera ku gikoko gitukura, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, cuzuyeko n’amajambo yo gutuka Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 17:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mw ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigāra ndwi.


Umugore wabonye ni we ca gisagara gihambaye, kiganza abami bo kw isi.


Umugore ahungira mu bugaragwa, ah’ afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu.


Uwo mugore yambaye impuzu y’inyambarabami n’iy’ agahama, yari yisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, afise igikombe c’izahabu mu minwe cuzuye ibihumanya n’imyanda y’ubusambanyi bgiwe.


Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Kandi nifuza kumenya ivya ya mahembe cumi yari mu mutwe waco, n’ivya rya rindi ryamera, rigatembagaza ya yandi atatu, ni ryo rya hembe ryari rifise amaso, n’akanwa kihayagiza, ryaboneka kw ari rinini kurusha ayandi magenzi yaryo.


Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.


Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu, anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw ijuru ku Mana,


Maz’ aramvura igisa n’ukuboko, afata umushatsi wo ku mutwe wanje; maze Mpwemu aranterura, ancisha hagati y’ ijuru n’isi mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjana i Yerusalemu, anshikana ku rugi rw’ikirimba c’inyubakwa kirābana n’i burārūko, ahār’ intebe y’igishushanyo c’ikēba, gikēba Imana.


Maze Mpwemu aranterura, mbona ansubiza i Bukaludaya ku bajanywe ar’ inyagano, ndi mur’ ukwo kwerekwa neretswe na Mpwemu w’Imana. Maz’ ukwo kwerekwa nabonye guca kumvako.


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


Maze Mpwemu aranterura, numva inyuma yanje ijwi rihinda cane, rivuga, ng’ Ubgiza bg’ Uhoraho bushemagirizwe ahantu hiwe.


Mbeg’ uriya mugeni ni nde, adūga avuye mu bugaragwa, Yegamiye umukunzi wiwe? Nagukanguye musi y’igiti c’umucungwa; Aho ni ho nyoko ibise vyamufatiye akuvyara, Ni ho uwakuvyaye yafatiwe n’ibise.


Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Baramubarira, bati Twebge abasavyi bawe turi kumwe n’ abantu b’inkomezi mirongwitanu; nuko turakwinginze, reka bagende baje kurondera shobuja; kumbure Mpwemu w’Uhoraho yoba yamuteruye, akamuterera ku musozi muremure, canke mu mwonga. Aravuga, at’ Oya, ntimubarungike.


Ariko ni namara gutandukana nawe, Mpwemu w’Uhoraho ahava akujana ahandi ntazi; nuko ni naja kubibgira Ahabu, akaza ntakubone, aranyica. Yamara jewe umusavyi wawe nahereye mu buto bganje nubaha Uhoraho.


Ako kanya mba muri Mpwemu: kandi mbona intebe iteretse mw ijuru, mbona n’Ūyivyagiyeko.


Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.


Bamwambura iziwe mpuzu bamwambika umutamana w’agahama,


ibishōrano vy’izahabu n’ifeza n’utubuyenge tw’igiciro kinini, n’imaragarita, n’impuzu zera nziza, n’iz’ inyambarabami, na hariri, n’iz’ agahama, n’imbaho zose zimota neza, n’imbombovu zose z’ibintu vyabājwe mu mahembe y’inzovu, n’imbombovu zose z’ibintu vyabājwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, n’ivyacuzwe mu miringa, no mu butare, n’ivyabājwe mw ibuye ryitwa marimari,


bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu zera nziza n’iz’ inyambarabami n’iz’ agahama, kandi cisakaye izahabu n’utubuyenge tw’ igiciro kinini n’imaragarita,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ