Ivyahishuwe 11:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibiliya mu Kirundi coroshe3 Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ Imana yabanje gushira mw ishengero bamwe kuba intumwa, maz’ aba kabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’ aba gatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz’ ishirah’ abakora ibitangaza, maz’ ishirah’ abāhawe ingabire zo gukiza indwara, n’abāhawe gufasha abandi, n’abāhawe kurōngōra, n’abāhawe kuvuga indimi nyinshi.
Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.