Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyahishuwe 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyahishuwe 1:4
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mpwemu w’Uhoraho azoba kuri we, impwemu y’ubgenge n’iy’ ugutahura, impwemu yo kuja inama n’iy’ ubushobozi, impwemu y’ukumenya Uhoraho n’iy’ ukumwubaha.


Imisozi itaravuka, Utararamukwa isi n’ibihugu, Uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira, ni wewe Mana.


Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira.


Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana.


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


Kandi kuri ya ntebe y’ubgami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’ imuri ndwi z’umuriro zākira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana:


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Ni nde yabikoze akabishitsa, ahamagaye abantu uk’ urunganwe rwabo rwagenda rukurikirana uhereye kw itanguriro? Ni jewe Uhoraho, uwa mbere n’ uw’ iherezo, ni jewe nyene.


Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,


ndabandikiye mwese mur’ i Roma mukundwa n’Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.


Ehe rāba ibuye nshize imbere ya Yosuwa: kur’ iryo buye rimwe harikw amaso ndwi; ehe nzoricakw amagarwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kand’ ukugabitanya kw’ico gihugu nzogukūrah’ umusi umwe.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna, ut’ Uwa mbere kand’ uw’ iherezo, uwari yarapfuye kand’ akaba muzima, aravuga ibi,


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.


Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebge, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira, ut’ Umwana w’Imana, afise inyonga zisa n’imbeya z’umuriro, ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, aravuga ibi,


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo, ut’ Ūfise inkota ikarishe aravuga ibi,


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.


Umumarayika aranyishura, at’ Ivyo n’imiyaga ine yo mw ijuru, ivuye gushengerera Nyen’ isi yose.


Tur’ Abapariti, n’Abamedi, n’Abelamiti, n’abamye i Mesopotamiya, n’i Yudaya, n’i Kapadokiya, n’i Ponto, no muri Asiya,


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Mbona abamarayika ndwi bama bahagarara imbere y’Imana bahabga inzamba ndwi.


Numva umumarayika w’amazi avuga, at’ Uragororotse, uriho kandi wamyeho, Uwera, kuk’ uciye iryo teka.


Ni jewe Yohana numvise ivyo, ndavyibonera. Mmaze kuvyumva no kubibona, nikubita hasi imbere y’ibirenge vy’umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge.


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ