Nuko rero n’umpamagarize Abisirayeli bose, bakoranire ku musozi Karumeli, bo na ba kamenyi ba Bayali ukw ar’ amajana ane na mirongwitanu, na ba kamenyi ba Ashera barīra ku meza ya Yezebeli, ukw ar’ amajana ane.
Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute? Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuko, uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.
Ava mu gisagara, aja kw iriba, aritereramw’ umunyu, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Akijije aya mazi, nta ho azosubira kuzana urupfu canke kurūmvya.
Maz’ umusuku wiwe aramwishura, ati Non’ utu noduhēreza abantu ijana? Na we ati Pfa kubaha babirye; kuk’ ukw ari k’ Uhoraho agize, ati Barabirya banabisigaze.
Maze ndavuga, nti Yō! Erega Mwami Uhoraho, ba kamenyi bababgira, ngo nta ho bazobona inkota cank’ inzara, ariko ng’ uzobaha kugirira aha hantu amahoro y’ukuri.