Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 9:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 9:6
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.


kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura.


Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose; bameze nk’ umuheto utaye uruvuto. Abaganwa babo bazohindikiranywa n’inkota, bazize ukurandamuka kw’ururimi rwabo: ico ni co kizotuma baba agatwengo mu gihugu ca Egiputa.


Kandi kur’ uwo musi ahantu hose hāba imizabibu igihumbi yagurwa amahera yitwa shekeli igihumbi, hazoba ah’ imikere n’amahwa.


Bazoza bavuye muri Egiputa bahinda agashitsi nk’inyoni, no muri Ashuri bameze nk’inuma, kandi nzobabesha mu mazu yabo, ni k’Uhoraho agize.


Bazobona ibara, kuko bāgiye bāngāra bakamvako! Bazotikizwa, kuko bāncumuyeko! Naho nagomba kubacungura, ariko bo bāhavuye bandemera ibinyoma!


Ingoro zaho zizomeramw’ amahwa, n’ibihome vyaho bizomeramw’ ibisuru n’ibitovu; hazoba ubgishinzo bg’ imbgebge n’inama y’ibisīga vyitwa imbuni.


Mu gihugu c’abantu banje hazomera amahwa n’imikēre; mbere bizomera no ku mazu yose banezererwamwo yo ku murwa w’umunezero;


Kur’ uwo musi Uhoraho azosekura akūre impeke ziwe, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa kuri wa Mugezi wa Egiputa; maze muzonobagurwa umwe‐umwe, mwebge Abisirayeli.


Abaganwa b’i Sowani bacitse ibipfu, n’abaganwa b’i Nofu barasutswe, ni bo bājimije Egiputa, kand’ ari bo buye rigumya imfuruka ry’amoko yaho.


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Nasanze hose huzuyemw’ amahwa, Hose igisuru kirenze hejuru, Uruzitiro rwaho rw’amabuye rusambūtse.


Igihugu kimera agihindura akarēre k’umunyu, Kubg’ ivyaha vy’abahaba.


Kuk’ umwami w’i Siriya ata co yasigarije Yehowahazi mu ngabo, atar’ abagendera ku mafarasi mirongwitanu, n’imikogote cumi, n’ abagendesha amaguru ibihumbi cumi; abandi yari yarabaranduye, abahindura nk’umukungugu wo ku mbuga.


Maz’ Abisirayeli babonye ko babuze epfo na ruguru, kuko bāri mu karindiro, baja kwinyegeza mu masenga no mu bisaka no mu bitandara no mu bihuma no mu vyobo vyimbiwe kubīka amazi.


Abantu b’i Nofu n’i Tahapanesi bākujonjanze agahanga.


None rero ni mumenye mudakekeranya yuko muzokwicirwa n’inkota n’ inzara n’ikīza, aho hantu aho mwifuza kuja kuba.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku vy’ Abayuda bose bāba mu gihugu ca Egiputa, bāba i Migidoli, n’i Tahapanesi ni Nofu no mu ntāra y’i Patirosi,


Muvugire muri Egiputa, muvyamamaze i Migidoli, muvyamamaze n’i Nofu n’i Tahapanesi, muti Mutonde, mwitegure, kukw inkota yariritse impande zose zigukikije.


Ewe wa mukobga wibereye muri Egiputa, witegure kujanwa kw inyagano; kukw i Nofu hazohinduka amatongo, hazotongorwa, hasigare ata wukihaba.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ibigirwamana na vyo nzobihonnya, kandi nzoherengeteza ibishushanyo muri Nofu; nta muganwa azosubira kuboneka mu gihugu ca Egiputa; kandi nzoshira ibiteye ubgoba mu gihugu ca Egiputa.


Na Egiputa nzohanda umuriro; muri Sini hazoba kwembemba kwinshi, no muri No hazosangangurwa; kand’ i Nofu hazotsindwa n’abansi ku murango w’amaminangohe.


Ni co gituma ngira nsākize amahwa inzira yiwe, ndamuzitirire uruzitiro rwo kumubuza, ngo yoye kubona ah’ aca.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


Kandi nzofata amasigarira y’i Buyuda, aberekeje amaso kuja mu gihugu ca Egiputa ngo babeyo, bazotikizwa bose; kandi mur’ ico gihugu ca Egiputa nyene ni yo bazogwa. Bazoririkwa n’inkota n’inzara; kandi bazopfa, uhereye ku woroshe ugashitsa k’ūhambaye, bishwe n’ inkota n’inzara; kandi bazoba igitutsi n’akajoreza n’ibivume n’ iciro ry’imigani.


Kuko nzohana ababa mu gihugu ca Egiputa nk’uko nahannye i Yerusalemu, mbahanishe inkota n’inzara n’ikīza,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ