Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ivyuzuye ku mbuga no mu māto ntibizobatunga, kandi vino y’umubira izobashirako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 9:2
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bashika ku mbuga y’igosorero yo muri Atadi, hāri hakurya ya Yorodani: baborogeray’ amaborogo menshi cane y’akabonge: Yosefu ashinga ko bahamara imisi ndwi bagandariye se.


Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe.


Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba.


Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe.


Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


Mwaziga vyinshi, mugize murtya musanga ni bike; kandi n’iyo mubizanye i muhira ndabitūvya. Biva ku ki? ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo abajije. Biva ku ngoro yanje irekewe ngaho igihomvaguritse, namwe mweho umuntu wese agakobereza inzu yiwe ubgiwe.


ico gihe cose, uwaja ku kirundo c’ impeke c’ingero mirongwibiri yasangamw’ icumi gusa; n’uwaja ku bgato bga vino ngw akūremw’ inzato mirongwitanu yasangamwo mirongwibiri gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ