Hoseya 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.