Umwami w’i Ashuri araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’Abamedi;
Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe.
Abansi bawe bose barakwasamiye cane, Bavuza agahwa, bagahekenya imisaya, bati Twarahayongobeje; Bati N’ukuri uyu ni wo musi twari twiteze; none turawushitseko, turawiboneye.
Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.