Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 8:7
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

maze mu nyuma zayo haca hamera iyindi mihuruhumbi ndwi ikabiranye y’ibihumbirane, yumishijwe n’umuyaga uvuye i burasirazuba:


Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.


Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.


Nk’uko ngenda mbibona, abarima ibigabitanyo, Bakabiba amagorwa, ni vyo bazokwimbura.


Ūbivye ukugabitanya yimbura ivyago, Kand’ inkoni y’uburake bgiwe izovunika.


Kand’ iki na co n’ikibi gikomeye, yuk’ uko yaje kwose ari kw azogenda: non’ afise inyungu ki mu buruhe yaruhiye umuyaga?


Ku musi wabiteyeko warabizitiriye, bukeye utuma ivyo wateye bishurika: arikw ivyimburwa bizobura ku musi w’umubabaro n’akabonge k’ubgihebe.


N’iki gituma mutanga amahera kugura ibitar’ ivyo kurya nyakuri? N’iki gituma mukorera ibidahāza? Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira.


Kuk’ Uhoraho azozanana n’ umuriro, kand’ imikogote yiwe izoba imeze nk’agashururu; kugira ngo yīmarishe ishavu uburake bg’inkazi, abahanishe imbeya z’ umuriro.


Bābivye ingano, bimbura amahwa: bārīgōye, ntivyagira ico bibamarira; muzomāramāzwa n’ivyo mwejeje, kubg’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho.


Ishamvu yacu yegukiwe n’ abanyamahanga, N’amazu yacu yegukiwe n’ab’ akavantara,


Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe.


Abanyamahanga bamumaze inkomezi, ariko ntabizi; mbere yadombagije n’ imvi, ariko ntabizi.


Abefurayimu baciwe musi, imizi yabo irūmye, nta co bazokwama; mbere naho bovyara, nzotikiza uruvyaro bakunda rwo mu nda zabo.


Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.


Mubiba vyinshi, mukimbura bike; kurya murarya, ariko ntimushira inzara; kunywa muranywa, ariko ntimushira inyota; kwambara murambara, ariko ntimushira imbeho; kand’ ūca amahera ayacira mu mupfuko utobotse.


Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.


Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ūbiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.


Imirima yo mu ndimiro zanyu, n’ivyo mwakoze vyose, bizoribga n’ihanga mutazi; muzokwama muhahazwa mucuranguzwa na ntaryo,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ