Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe.
Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.