Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 8:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 8:6
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ igicaniro c’i Beteli, n’ igitabo catabishije Yerobowamu mwene Nebati yakwegeye Abisirayeli mu vyaha, ico gicaniro n’ico gitabo arabisangangura; aturira ibiti vyo mur’ ico gitabo, arabisyokora bihinduka ifu, aturira n’ igishushanyo ca Ashera.


Kand’ utunyabugoro twose two mu bitabo vyo mu bisagara vy’i Samariya, utwo abami b’Abisirayeli bāri bārubatse bakaratsa Uhoraho, Yosiya adukūraho, atugirira nk’uko yagiriye i Beteli kwose.


Non’ ehe muriyumvira ko muzotsinda ubgami bg’Uhoraho buri mu maboko ya bene Dawidi, kuko mur’ amasinzi n’amasinzi, mukaba mufise n’ibishushanyo vy’amamasa vy’izahabu, ivyo Yerobowamu yabacurishirije ngo bibe imana zanyu!


Nukw ivyo vyose bishize, Abisirayeli bose bāri bakoraniye aho, baca baja mu bisagara vy’i Buyuda, bamenagura amabuye bāshinze, batemagura inkingi bāshingiye Ashera, basibanganya ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, basangangura n’ibicaniro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini, bo n’i Bgefurayimu no mu bg’Abamanase, gushitsa aho babiherengetereje vyose. Abisirayeli bose barahindukira, basubira mu bisagara vyabo, umuntu wese mw ishamvu yiwe.


Non’ umuntu wese kw ar’ ikiyingiyingi ata bgenge agira! Umucuzi w’izahabu wese azotēterezwa n’igishushanyo ciwe yasaruye, kukw igishushanyo ciwe yavugutiye mu nkero ar’ ic’ ibinyoma, kandi nta mpwemu ziba muri vyo.


Abanyamowabu bazomāramāzwa na Kemoshi, nk’ ukw ab’ inzu ya Isirayeli bāmāramājwe n’ivy’ i Beteli bāri bishimiye.


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo.


Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana.


Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.


Ibishushanyo vyaho vyose bibajwe bizojanjagurwa bicike ubunywenywe, n’impēra zaho zose z’ivy’ isoni nke zizoturirwa n’umuriro, kand’ ibigirwamana vyaho vyose nzobihonnya; kuko habirundanije ar’ impēra z’ubumaraya, kandi bizosubira kuba impēra nyene za maraya wundi.


Igishushanyo kibājwe kimaze iki, vyotuma umubāji akibāza, cank’ igishushanyo kivugutiwe mu nkero kiragura ibinyoma, vyotuma uwakivugutiye acizigira, akironkera ibigirwamana vy’ibiragi?


Nuko rero, ko tur’ uruvyaro rw’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yukw Imana isa n’izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye, ivyābājwe n’ubuhinga n’ubgenge bg’abantu.


Murabona kandi murumva yukw atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, at’ Imana zākozwe n’intoke si zo mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ