Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.
Nabonye ibizira vyawe, ni bgo busambanyi bgawe, n’ukuroherana kwawe, ni bgo bushakanyi bg’ubusambanyi bgawe, ku misozi no ku gahinga. Uzobona ibara, ewe Yerusalemu! Ko wanse kwezwa: mbeg’ uzogeza ryari?
Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.