4 Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.
Umwami araheza yīgīra inama, acurisha ibishushanyo vy’ amamasa bibiri mw izahabu, abarira abantu, at’ Erega birabagoye kwama mudūga i Yerusalemu: ehe rāba, ngizi imana zanyu zabakūye mu gihugu ca Egiputa, yemwe Bisirayeli!
Nukw ico kibera inzu ya Yerobowamu akaziri, kiraruha kiyikwegera gucibga no guheneberezwa kw isi.
Kandi nk’ ah’ umengo vyamubereye ivyoroshe kugendera mu ngeso za Yerobowamu mwene Nebati, agerekako yābīra Yezebeli umukobga wa Etibayali umwami w’Abasidoni, aragenda asaba Bayali, aba ari yo asenga;
Mbega kare ho har’ uwokwironkera izitwa imana, kandi zitari zo?
Ni mute kure ibicumuro vyanyu vyose mwacumuye, mwironkere umutima musha n’impwemu nsha: n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?
Umwami Nebukadineza yakoze igishushanyo mw izahabu, uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwitandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atandatu: agihagarika mu kiyaya c’i Dura, mu ntāra y’i Babuloni.
Efurayimu iy’ avuze hose, hāba guhinda agashitsi; yigize agahambaye mu Bisirayeli; arikw igihe yacumuye kubga Bayali, yaciye apfa.
Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse.
Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana.
Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.
Ereg’ Abisirayeli bataye ivyiza: umwansi azobakinagiza.
Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi.
Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.
Azobabgira, ati Ndababgire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwa bakora ibizira mwese mwe.
Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi,
ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?