3 Ereg’ Abisirayeli bataye ivyiza: umwansi azobakinagiza.
Amagambo yo mu kanwa kiwe n’ukugabitanya n’ubugunge; Yaretse kugira ubgenge no gukora ivyiza.
Uzobirukana uri n’uburake, uzobaherengeteza musi y’ ijuru ryawe, ewe Uhoraho.
Abaduhīga barusha inkukuma zo mu kirēre kunyaruka: Badukinagiza ku misozi miremire, bakaducira ibico mu bugaragwa.
Bazontakambira, bati Mana yacu, twebge Abisirayeli turakuzi.
Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.
Amasigarira yo muri mwebge nzotuma barandukira imitima mu gihugu c’abansi babo: bazokangwa n’ ukwumva akababi gakakaje, bahunge nk’ūhunga inkota; bazotemba ata kibirukanye.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.
Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.
bagatsindwa n’urubanza kuko bavuye mw isezerano ryabo rya mbere.