9 Abanyamahanga bamumaze inkomezi, ariko ntabizi; mbere yadombagije n’ imvi, ariko ntabizi.
Kand’ igihe cose Yehowahazi yabaye ku ngoma, Hazayeli umwami w’i Siriya yahahaza Abisirayeli.
Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.
Ukavuga, uti Bārankubise, sinababara, Bāranyegaguye, sinavyumva: Nzokwikangura ryari? Na ho nyene nzosubira kuyirondera.
Igihugu canyu n’amatongo, ibisagara vyanyu vyakomvomvowe n’umuriro, abanyamahanga babaryana igihugu canyu mubona, kandi cacitse amatongo nk’ahakomvomvowe n’abanyamahanga koko.
N’ukuri koko ntiwaribgavyumve, ntiwaribgabimenye, mber’ uhereye kera ntivyaribgashike mu matwi yawe: kuko nari nzi k’ur’ umuryarukanyi w’agahebuza, kandi wiswe ikigāba uhereye ukiva mu nda.
Umugororotsi arikw araherengetera, kandi nta wubishirak’ umutima; abubaha Imana bariko barakūrwaho, kandi nta wubibabaye. Umugororotsi akūwe mu vyago,
Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.
Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga.