Abarira abari kumwe na we, ati Ni mubafate. Barabafata, babatsinda ku rwobo rw’i Betekedi; bose na bose bar’ abantu mirongwine na babiri, ntiyasiga n’ uwa kirazira.
Bukeye Peka mwene Remaliya, umugabisha wiwe, afatanya n’ Abanyegileyadi mirongwitanu, aramugarariza, amwicana na Arugobi na Ariyeha, abatsinda i Samariya mu munara wo mu rugo i bgami; nukw amaze kumwica asubira ku ngoma yiwe.
Hanyuma Hosheya mwene Ela agarariza Peka mwene Remaliya, amutsindaho aramwica, asubira ku ngoma yiwe; hāri mu mwaka ugira mirongwibiri Yotamu mwene Uziya ari ku ngoma.