ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?
Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje.
Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.