Icaha ca Yuda candikishijwe ikaramu y’icuma, n’ akabuye gasongoye kitwa alimasi: canditswe ku bisate, ari vyo mitima yabo, canditswe no ku mahembe y’ibicaniro vyabo;
Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.
at’ Imibavu mwoshereje mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu, mwe na ba sogokuruza n’abami banyu n’abaganwa banyu n’abantu bo mu gihugu, mbeg’ Uhoraho ntiyayibutse, ntivyinjiye mu mutima wiwe?
Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.