Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo: ikibakoraniriza hamwe n’indya na vino, ariko jeho barangarariza;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 7:14
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.


Kandi nah’ ivyo bimeze birtyo, mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ntiyangarutseko n’umutima wose atar’ ukugaruka mu buryarya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


riti Barira abantu bose bo mu gihugu, bo n’abaherezi, uti Hamwe mwahora mwisonzesha mukaboroga mu kwezi kwa gatanu no mu kw’indwi mur’ iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi, mbega ni jewe ubganje mwagiye mwisonzeshereza?


Bīryāmira i ruhande y’igicaniro cose ku mpuzu z’inkizurano, kandi mu ngoro y’Imana yabo bakahanywera vino baciriye abantu kw iciru.


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!


rāba, abasavyi banje bazoririmbishwa n’ umunezero wo mu mitima, ariko mweho muzorizwa n’intuntu yo mu mitima, muborozwe n’ukw imitima yanyu isābijwe n’umubabaro.


Bukeye baja mu ndimiro, bimbura inzabibu zabo, barazigana, bagira umusi mukuru, binjira mu ngoro y’ikigirwamana cabo, bararya baranywa, bavuma Abimeleki.


Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.


Samariya hazogibgako n’ibigabitanyo vyaho, kuko bāgararije Imana yabo: bazoririkwa n’inkota: abana babo b’inzoya bazomenagurirwa hasi, kand’ abagore babo bakuriwe bazofomozwa.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.


None rero nkora iki hano? ni k’ Uhoraho agize; kw abantu banje bānyazwe ku busa! Ababaganza barayogora, ni k’Uhoraho agize, kandi bīriza umusi batuka izina ryanje.


Bukeye bakoroka kare, batanga ibimazi, baravyosa, bazana n’ibimazi vy’ishimwe; bicarikwa no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.


Umutima w’ab’ i Yerusalemu watakambiye Uhoraho; Bat’ Ewe wa ruzitiro rw’umukobga w’i Siyoni, reka amosozi asendanishe nk’ uruzi ku murango no mw ijoro; Nturuhe uruhuka na gatoya; imbone y’ijisho ryawe ntitenzekanye.


Bazontakambira, bati Mana yacu, twebge Abisirayeli turakuzi.


Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.


Warababaditse, mbere bashinga imizi; barakura, mbere no kwama barāma: uhora hafi mu kanwa kabo, arik’ ukaba kure y’imishaha yabo.


Erega n’ukwihamagarira guhona, ewe Isirayeli, k’unyikunkumuye, wikunkumuye umutabazi wawe!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ