Maze ku musi ugira icumi na kabiri w’ukwezi kwa mbere turahaguruka tuva kur’ urwo ruzi Ahava, ngo tuje i Yerusalemu; ikiganza c’Imana yacu kiba kuri twebge, iradukiza ngo ntitugwe mu maboko y’abansi n’abaturyamiye mu mayira.
Uko ni ko nzozimiriza ubushakanyi bgawe, n’ubumaka bgawe wakūye mu gihugu ca Egiputa, woye no kuzosubira kubunamurirakw amaso canke no kuzokwibuka Egiputa ukundi.
Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;