Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 6:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 6:9
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu adwēbēra ico gihugu, ashika ahantu hitwa i Shekemu, ku giti c’umweloni ca More. Ico gihe Abanyakanani ni bo bāba mur’ ico gihugu.


Maze Yerobowamu yubaka i Shekemu mu mugamba w’Abefurayimu, abayo; hanyuma avayo, yubaka i Penuweli.


Maze ku musi ugira icumi na kabiri w’ukwezi kwa mbere turahaguruka tuva kur’ urwo ruzi Ahava, ngo tuje i Yerusalemu; ikiganza c’Imana yacu kiba kuri twebge, iradukiza ngo ntitugwe mu maboko y’abansi n’abaturyamiye mu mayira.


Uhoraho arambarira, ati Har’ inama yagīwe mu bagabo b’i Buyuda no mu baba i Yerusalemu.


Abaganwa baho bagīriye inama y’ubugarariji hagati muri ho, nk’ukw intambge itabagura ico ihīze: batsontsomeye abantu; banyaze ubutunzi n’ivy’ igiciro; bapfakaje benshi hagati muri ho.


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Muri wewe haba abarementaniriza abandi ngo babicishe; muri wewe haba abarīra mu bitabo ku misozi; hagati muri wewe bāhakoreye ivy’ ubushakanyi.


Uko ni ko nzozimiriza ubushakanyi bgawe, n’ubumaka bgawe wakūye mu gihugu ca Egiputa, woye no kuzosubira kubunamurirakw amaso canke no kuzokwibuka Egiputa ukundi.


Noneho ngira ngaragarize ibiteye isoni vyiwe imbere y’abūzure biwe, kandi nta n’umwe azomurokora ngw amunkūre mu maboko.


Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Abagarariji biyongeranije cane kwica: ariko nzobahana bose.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;


Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.


Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.


Hāri hasigaye imisi ibiri, imisi mikuru ya Pasika ikagera, ni yo yo kurya imitsima itambiwe. Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo gusuka Yesu ngo bamufate bamwice:


Nukw abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe, barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi.


Na bo bavyumvise bavuga n’ijwi rirenga, babgira Imana n’umutima uhūye, bati Databuja, ni wewe waremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ