Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 6:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 6:4
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nah’ ivyo bimeze birtyo, mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ntiyangarutseko n’umutima wose atar’ ukugaruka mu buryarya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.


Ariko mweho mwari mwigaruye, mukora igitunganye mu nyonga zanje, mutanga umwidegemvyo, umuntu wese arekura mugenzi we; kandi mwari musezeraniye isezerano imbere yanje mu ngoro yitirirwa izina ryanje;


Yamar’ ubu bgoko bgo bufise umutima ugarariza, ugābagāba; bāragararije, baracika.


Mbega noshobora nte kuguharira? Abana bawe barantaye, bīrahira izitar’ imana; mpejeje kubagaburira bagahāga, bāciye basambana, barema inteko i wabo w’abasambanyikazi.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni k’Uhoraho abaza; mbeg’ ivyo umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ehe nzobavugutira, mbagerageze; ikindi nogirira wa mukobga ari bo bantu banje n’iki?


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza.


Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, maz’ Uhoraho aha ubushobozi Eguloni umwami w’i Mowabu bgo kurwanya Abisirayeli, kuko bari bakoze ibibi mu nyonga ziwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ