Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 5:8
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.


Maze kimwe agishinga i Beteli, ikindi i Dani.


baserutse hejuru ku kavōvo, barāye i Geba: ab’ i Rama bafashwe n’agatengo, ab’ i Gibeya ho kwa Sauli barahunze!


Musemererere i Buyuda, mwamamaze i Yerusalemu, muti Mutabarishe inzamba mu gihugu, musemereze ijwi rirenga, muti Ni mwēgerane, duhungire mu bisagara vyubakiwe inzitiro.


Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi;


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose, habe ikoraniro ry’agahebuza,


Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye?


Yosuwa atuma abantu bava i Yeriko ngo baje i Hayi; hari hafi y’i Betaveni, ku ruhande rw’i Beteli rw’i burasirazuba; arababarira, ati Ni mudūge, muje gutata ico gihugu. Nukw abo bantu baradūga, baja gutata Hayi.


Abefurayimu bamanuka mu mwonga, Ari mwebge bakurikiye, yemwe Babenyamini, bīvanze mu banyu; Mu Bamakiri hamanuka abagabisha, Mu Bazebuloni hamanuka abatwaye inkoni y’ubugabe;


Maze Samweli aja i Rama, Sauli na we aradūga, ataha i muhira i we i Gibeya.


agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.


Nukw abakuru b’Abisirayeli bose barakorana, baja i Rama kwa Samweli,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ