Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 5:6
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mose aramwishura, ati Tuzojana n’abana n’abatāma, n’abahungu bacu n’ abakobga, mbere n’imikuku yacu n’amasho tuzobijana: kuko dukwiye kugirira Uhoraho umusi mukuru.


Ni ho bazontakambira, ariko sinzobishura; Bazondondera ubudahumeka, ariko ntibazombona:


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?


Maze nugururira umukunzi wanje; Ariko nsanga uwo mukunzi wanje yīgīriye, yāhise: Umutima wanje ucoberezwa n’ivyo yavuze. Ndamurondera, sinamubona; Ndamuhamagara, ntiyanyitaba.


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


Nuko rero nzobazanakw ivyago batazoshobora gukira, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazontakambira, ariko sinzobumva.


None rero ntusengere ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ ubasabire; kuko ntazobumva igihe bazontakambira babonye ivyago vyabo.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


Witwikiriye igicu, kugira ng’ ugusenga kwacu ntikumenēre ngo kugushikīre.


Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.


Maz’ arambaza, ati Mwana w’ umuntu, mbeg’ ubonye ivyo bakora? Ubonye n’ibizira bikomeye, ivyo ab’ inzu ya Isirayeli bakorera hano vyanteye kwīgira kure y’ ahēra hanje? Arik’ uhava wongera kubona ibindi bizira bikomeye.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Kandi bazonyavuta bakubite ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite n’i burārūko baje n’i burasirazuba, kugira ngo barondere ijambo ry’Uhoraho, yamara ntibazoribona.


Maze namwe har’ igihe muzotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’ azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko namwe mwagize nabi mu vyo mwakoze.


Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.


Muzondondera, ariko ntimuzombona, kand’ iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ