Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.
Sinzohana abakobga banyu ni bīgira ba maraya, cank’ abakazana banyu ni basambana; kukw abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya; nuk’ ubgoko butagira ubgenge buzoheneberezwa.