Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 5:4
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Boye kuba nka ba sekuruza, Rwa runganwe rw’ibigāba kandi rw’abagarariji, Urunganwe rw’abatitunganiriza imitima, Imitima yabo itayoboka Imana.


Kand’ abazi izina ryawe bazokwizigira, Kuko wewe, Uhoraho, udahemukira abakurondera.


Kandi nzobaha umutima wo kummenya yuko nd’ Uhoraho: bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, kuko bazongarukanak’ umutima wabo wose.


Ikigatwa kizoba ku mazi yaho, kand’ azogaduka; kukw ar’ igihugu c’ibishushanyo bibājwe, bāciwe ntema n’ibigirwamana.


arik’ uwirata, ni yirate ibi, ko yammenye, akantahura, yuko nd’ Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi: kukw ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ereg’ ah’ uba ni hagati mu binyoma; ibinyoma ni vyo bibankisha kummenya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge.


Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.


Sinzohana abakobga banyu ni bīgira ba maraya, cank’ abakazana banyu ni basambana; kukw abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya; nuk’ ubgoko butagira ubgenge buzoheneberezwa.


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Efurayimu ko yakwiragije ibicaniro vyo gukora ivyaha, ivyo bicaniro bizomubera ivyaha nyene.


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ