10 Abaganwa b’i Buyuda bahwanye n’abashingūra akarimbi k’urubibe: nzobasukak’ uburake bganje nk’amazi.
Ni mwamara kwegukira amashamvu mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo mucinjire, ntihaze hagire ūshingūra akarimbi k’urubibe rw’umubanyi wiwe, kāshinzwe n’aba mbere.
Ni co gituma ūkwubaha wese akwiye kugusengera mu gihe wobonerwamwo: N’ukuri, iy’ amazi asendanishije yamaze iminyika, ntazomushikako.
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūshingūra akarimbi k’urubibe rw’ umubanyi wiwe. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
Arik’ uwumva, ntabikore, asa n’umuntu yubatse inzu kw ivu, atimvye itanguriro: maz’ umugezi uyisūrirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw’iyo nzu kwabaye ugukomeye.
Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, irasenyuka, kand’ isenyerana ryayo riba irikomeye.
Non’ ubu mpava nkurekurirak’ ubushangashirwe bganje, ngushitsek’ uburake bganje, ngucire urubanza ruhwanye n’ingeso zawe: kand’ ibizira vyawe vyose nzobigusubiza ku mutwe.
Ntugashingūre akarimbi k’ urubibe rwa kera, Ba sogokuruza bashinze.
Gutangura imitongano ni nko kugomorora amazi, Nuko reka ibirake utarasinda.
Vyankikije nk’amazi umusi urīra; Vyanzengukiye vyose icarimwe.
Ubasukek’ ugushangashirwa kwawe, Uburake bgawe bg’inkazi bubahamvye,
Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.
Nk’ukw ifeza ishongera hagati mu ziko, ni ko namwe muzoshongera hagati muri ho; kandi muzomenya yuko jewe Uhoraho nabarekuriyek’ ubushangashirwe bganje.