Maz’ ibizoba ku bantu buntu bizoba no ku muherezi; ibizoba ku mushumba bizoba no kuri shebuja; ibizoba ku mukobga w’umuja bizoba no kuri inabuja; ibizoba ku muguzi bizoba no k’ūshōra; ibizoba k’ūtiza bizoba no k’ūtira; ibizoba k’uwaka inyungu bizoba no k’uwakwa inyungu.
ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?
Ko bābakoreye bar’ imbere y’ibigirwamana vyabo, bakabera ab’ inzu ya Isirayeli igitsitaza co kubacumuza, ni co catumye mmanika ukuboko mbarahira yuko bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.