Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 4:8
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw amahera y’ibimazi vy’impongano n’ay’ ibimazi bitangirwa ivyaha, yo ntiyashirwa mu ngoro y’Uhoraho, yaba ay’ abaherezi.


N’ūfise amaboko akeye n’umutima utanduye, Atigeze kwerekeza umushaha wiwe ku vy’ukubesha, Ntarahire ibinyoma.


Mbere n’imbga z’ ibigunya, zitigera zihāga; kand’ abo bameze bartyo n’abungere! Nta co bashobora gutahura; bose bījaniye inzira zabo ubgabo, umuntu wese yironderera inyungu impande zose.


riti Mwana w’umuntu, abo bantu bakimagije ibigirwamana vyabo mu mitima, kandi bashize imbere yabo igitsitaza kibatsinda mu bigabitanyo vyabo: none noshobora nte kw abo bogira ico bansiguza na kimwe?


Kuk’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga aba muri bo, yitandukanya nanje, agakimagiza ibigirwamana vyiwe mu mutima, agashira imbere yiwe igitsitaza kimutsinda mu bigabitanyo vyiwe, maz’ akaza k’ūvugishwa nanje ngw amunsigurize; jewe Uhoraho nzomwiyishurira ubganje:


Mwarimye ivyaha, mwimbura ibigabitanyo; mwariye ivyamye ku binyoma: kuko mwishimiye imigabo yanyu, n’isinzi ry’abahizi banyu.


Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Umuherezi wo mu bana biwe azorobanuzwa amavuta, amusubiriye mu gishingo, aze yame anshikanira iryo shikanwa, bibe icagezwe c’intahava: ryose rize rishe ritōngōke.


Umuherezi ahereje ico kimazi co gutangirwa ivyaha az’ abe ari we akirya: kize kirīwe ahantu hēra, ni ho mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’ imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’ inyungu mbi.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Ngo N’iki gituma mutimamukira ibimazi vyiwe n’amashikanwa yiwe, ivyo yashinze ko bamuzanira mu ngoro yiwe, ng’ Ukūbaha abahungu bawe kubamurutisha, mukīgaburira ibinoboye vyo mu bimazi vyose abantu biwe b’Abisirayeli bamushikanira, mukīvyibuhira?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ