Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 4:6
54 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Erega har’ igihe kirekire Abisirayeli bāmaze batagira Imana nyakuri, batagira abaherezi bo kubigisha, badafise n’ivyagezwe.


Ariko ni batayumvira, bazotikizwa n’inkota, Bazopfa batāmenye ubgenge.


Ishaka ryanje rirandanduye Kukw abarwanizi banje bibagiye amajambo yawe.


Shira umutima ku marushwa yanje, undokore; Kuko ntibagira ivyagezwe vyawe.


Imigozi y’abanyakibi yanyizingiriyeko, Ariko sinibagiye ivyagezwe vyawe.


Kuk’ uzokiza abacishijwe bugufi, Arikw amaso yibona uzoyasubiza hasi.


Iminwa y’umugororotsi igaburira benshi, Arikw ibijuju vyicwa no kutagira umutima.


Ikindi, umutima kutagira ubgenge si vyiza, Kand’ ūgenda yihutagiza ahusha inzira.


Inka irazi nyeneyo, n’indogoba irazi ubgato bga shebuja: arikw Abisirayeli bo nta co bazi, abantu banje nta co batahura.


Kuko wibagiye Imana y’agakiza kawe, ntiwibuke igitandara c’inkomezi zawe; ico ni co catumye uteragira interwa zo kwinezereza, ukishingira imizabibu y’ikigirwamana c’akavantara.


Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


Ariko n’Abayuda na bo baradandabagiranywa na vino, bakubishwa iserere n’ibiboreza; umuherezi n’ūvugishwa n’Imana baradandabagiranywa n’ ibiboreza, vino irabamaze, bakubishwa iserere n’ibiboreza; iyo bakiriko barērekwa baradandabagirana, iyo bakiriko baraca imanza barazunguzwa.


maze bagaha ico gitabo ūtazi gusoma, bat’ Enda se soma iki: akabishura, ati Ko ntazi gusoma.


Yamar’ abantu banje, abana ni bo babacuranguza, kand’ abagore ni bo babaganza. Yemwe bantu banje, ababarōngōra barabazimiza, kandi bazimanganya inzira mwociyemwo.


Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.


Ni co catumye abantu banje bajanwa ar’ inyagano, ata co bigeze bamenya: abanyacubahiro bo muri bo bishwe n’inzara, kand’ ishengero ryabo ryose ryāgatuwe n’inyota.


Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi.


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


mut’ Enda ni mwumve ibi, mwa bantu b’ibipfu, batagira umutima, bafise amaso ntibabone, bafise n’amatwi ntibumve:


Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.


Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.


Sinzohana abakobga banyu ni bīgira ba maraya, cank’ abakazana banyu ni basambana; kukw abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya; nuk’ ubgoko butagira ubgenge buzoheneberezwa.


Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.


Ereg’ imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Abanyamahanga bamumaze inkomezi, ariko ntabizi; mbere yadombagije n’ imvi, ariko ntabizi.


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


Naho nomwandikira ivyagezwe vyanje nkabigira isinzi, yovyita nk’ikintu c’icaduka.


Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


Imana yanje izobata kure, kuko batayumviye; kandi bazoba inyererezi mu mahanga.


Isayi yavyaye umwami Dawidi. Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya,


Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.


at’ Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ