Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 4:3
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihugu kiriganyira, kirahondobereye: Lebanoni haratēterewe, harakabiranye; Sharoni hameze nk’ ubugaragwa; Bashani na Karumeli hakoraguye amababi.


Igihugu kizogeza ryari kuboroga, n’ivyatsi vyo mu ntāra yose gukabirana? Kubg’ ibibi vy’abakibamwo ibikōko n’inyoni bikimazwemwo: kuko bavuga, bat’ Ivy’ iherezo ryacu nta ho azobibona.


Kukw igihugu cuzuye abasambanyi; kubg’ umuvumo igihugu kiragandaye; imyīmīro yo ku mirāmbi irumye; ingeso zabo ni mbi, ububasha bgabo ni bubi.


Nararāvye, nsanga ata muntu n’umwe ariho, n’inyoni zose zo mu kirēre zarahunze.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


bitume amafi yo mu kiyaga, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ivyikwega vyose vyikwega hasi, n’abantu bose bari kw isi, bihindira agashitsi imbere yanje, n’imisozi yubikwe, n’ahantu h’agatembge hasiduke, n’inzitiro zose zisenyukire hasi.


Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe.


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize, ari we Mwami, ati Hazoba amaborogo mu nzira zose z’ibihamo, kandi mu mayira yose bazovuga, bati N’ubuyobe, n’ubuyobe! Bazohamagara n’abarimyi ngo barire, n’abazi gucura intimba ngo baboroge.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma igihugu gihinda agashitsi, abari muri co bose bagacura umuborogo? Kizoteragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura; gisimbagurike, gisubire gihwāmīre nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa.


Akankamira ikiyaga akagikamya, agakamya n’ inzūzi zose; Bashani na Karumeli harahondobereye, n’amashurwe y’i Lebanoni arahondobereye.


Nzokwanzura abantu n’amatungo, nzokwanzura ibiguruka mu kirēre n’amafi yo mu kiyaga, n’abanyakibi nzobatega urutsiburira; eka nzorandura abantu bose kw isi, ni k’Uhoraho agize.


Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ