Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 4:2
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Kayini abarira Abeli murumuna we, ati Ngo dusohoke tuje mu gahinga. Maze bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli murumuna we, aramwica.


Kand’ isi ihumanijwe n’abayibamwo; kuko barenze ivyagezwe, bagaca mw ibgirizwa, bakica isezerano ry’ intahava.


Ni mwumve ibi, yemwe nzu ya Yakobo, abitwa izina rya Isirayeli, bakanduruka mu rura rwa Yuda; abarahira izina ryanje Uhoraho, bakavuga Imana ya Isirayeli, ariko mu bitar’ ivy’ ukuri canke mu vy’ukugororoka.


Kukw Abisirayeli atar’ intābga, cank’ Abayuda, ku Mana yabo, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, nah’ igihugu cabo cuzuye ivyo bācumuye k’Uwera w’Abisirayeli.


Nk’ukw iriba ridudubiza amazi yaryo, uko ni ko kidudubiza ibibi vyaco: humvikana umuryano n’ubunyazi muri co; ububabare n’inguma vyama imbere yanje na ntaryo.


Vyatewe n’ivyaha vya ba kamenyi baho, n’ibigabitanyo vy’abaherezi baho, Bāvishirije amaraso y’abagororotsi hagati muri ho.


Itegure iminyororo! Kukw igihugu cuzuye ubgicanyi, n’igisagara cuzuye umuryano.


Mwarimye ivyaha, mwimbura ibigabitanyo; mwariye ivyamye ku binyoma: kuko mwishimiye imigabo yanyu, n’isinzi ry’abahizi banyu.


Bavuga amagambo atagira ikimazi, bakarahira ibinyoma mu gusezerana amasezerano; ni co gituma amateka azobaduka nk’uk’ ururamba rubaduka mu busīze bgo mu ndimiro.


Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.


Efurayimu yarakije Uhoraho bikomeye, ni co gituma amaraso yiwe ari we azokora, kand’ Umwami wiwe azomusubiriza mu nkōko umuvumo yavumanye.


Abagarariji biyongeranije cane kwica: ariko nzobahana bose.


Gileyadi n’igisagara c’inkozi z’ibibi, cayoberanijwe n’amaraso.


Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


Umwami bamuteresha umunezero ivyaha vyabo, n’abaganwa bawubateresha ubuhemu bgabo.


Bose n’abasambanyi; bameze nk’iziko umucumvyi acanyemwo; areka gufurūra umuriro, iy’ amaze guhwanya ifu gushitsa ah’ iribututumbire.


Yemwe abanka ivyiza mugakunda ibibi; abantu banje mukaborosorako urukoba rwabo, mugaharura inyama ku magufa yabo;


Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;


Mbega nokwirengagiza itunga ryandurutse mu vyaha riri mu mazu y’abanyakibi, cank’ ingero zitūvya, zivumwa?


Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.


Uzobona ibara, urya murwa wagararije, wanduye, kand’ uhahaza!


Arambarira, at’ Uwo n’umuvumo urekuwe ng’ ukwire isi yose: igihe uwiba wese yīrāye kirahāgije, kandi n’igihe ūrahira wese yīrāye kirahāgije.


rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagize, ati Ni muce imanza ziroranye, umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe.


bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw isi, uhereye ku maraso ya Abeli umugororotsi ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya mwiciye hagati y’ahēra h’urusengero n’igicaniro.


Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:


Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ubusābusa, kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.


bishe Umwami Yesu n’abāvugishwa n’Imana, kandi natwe bāratwirukanye, ntibānezereje Imana, barwanya abantu bose;


Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ