ababgira ikigegene, bati Ni wewe data; bakabgira ibuye, bati Ni wewe wamvyaye: kuko banteye ibitugu, ntibabe bakinshirakw amaso; ariko mu gihe c’ivyago vyabo bazotakamba, bati Haguruka udukize.
Kandi ko muvuga ngo Muzomera nk’ayandi mahanga, mube nk’imiryango yo mu bindi bihugu, mukorere ibigirwamana vy’ibiti n’ amabuye: mu vyo mwibgira mu mitima nta na kimwe kizoshika.
Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.
Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.