Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 4:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 4:11
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo, Kand’ ūbidandabagiranamwo wese ntagira ubgenge.


Ntibibereye abami, Lemuweli we, ntibibereye abami kunywa vino, Cank’ abaganwa gushira umutima ku biboreza:


Ūsambana n’umugore aba igipfamutima; Ūgira artyo aba arondera guhonnya ubugingo bgiwe.


N’ukuri kugunga guhindura umunyabgenge igipfu, kand’ impēra izimiza ubgenge.


Ariko n’Abayuda na bo baradandabagiranywa na vino, bakubishwa iserere n’ibiboreza; umuherezi n’ūvugishwa n’Imana baradandabagiranywa n’ ibiboreza, vino irabamaze, bakubishwa iserere n’ibiboreza; iyo bakiriko barērekwa baradandabagirana, iyo bakiriko baraca imanza barazunguzwa.


Mw inywa ryabo bagira inanga n’ikembe n’agashako k’ingoma n’umwironge na vino; yamara ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho, ntibashira umutima ku gikorwa c’amaboko yiwe.


Nabonye ubupfu bga ba kamenyi i Samariya; bāvugishijwe na Bayali, bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.


Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.


Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


ati Ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe, mwe n’abana bawe, igihe mugira mwinjire mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: ico kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana,


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Nuko Abigayili asubirayo, asanga Nabali yarondeje amazimano mu nzu yiwe, nk’amazimano y’umwami, asigaye adayangwa kuko yaborewe cane; ni co catumye atagira ico amubarira, ari gito ari kinini, gushitsa bukeye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ