Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 3:4
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Labani yari yagiye gukemuza intama ziwe; nuko Rakeli yiba ibigirwamana vya se.


Ariko Rakeli yari yabiriye vya bigirwamana, abishira mu matandiko y’ingamiya, avyicarako. Labani asaka mw ihema hose, arabura.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Maze Dawidi yiyerekera imbere y’Uhoraho yiginagura; kandi yar’ akenyeye efodi yera derere.


Kand’ abahamagara imizimu n’abamenyi n’ibishushanyo vyitwa terafimu n’ibishushanyo vy’ibigirwamana, n’ibizira vyose vy’ubuyobe vyabonetse mu gihugu c’i Buyuda n’i Yerusalemu, na vyo Yosiya abikūraho, kugira ngw ashitse amajambo y’ivyagezwe yanditswe mu gitabo Hilukiya umuherezi yatoye mu ngoro y’Uhoraho.


aja gusanganira Asa, aramubarira, ati Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.


Iyi abe ari yo myambaro bazojisha: umupfuko wo kwambara mu gikiriza, n’umwambaro witwa efodi, n’umwinjiro, n’ikanzo y’insobane, n’igitambara co kuzingīra mu mutwe, n’umukanda: nuko baze bajishire Aroni mukurwawe n’abana biwe imyambaro iz’ ibe iyejejwe, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Umwambaro witwa efodi baze bawujishishe intahe z’izahabu, n’ inyuzi z’amasufe, n’iz’ amashigisha, n’izisa n’agahama, n’izera derere nziza zihinzwe neza, ujishwe n’ abahinga bavyo.


Amarembo yaho anyikiye mu kuzimu; ibihindizo vyaho yaravyononye, arabivunagura: Umwami waho n’abaganwa baho bari mu mahanga; nta vyagezwe bikiriho: Mber’ abavugishwa n’Uhoraho ntibakigira ivyo beretswe na we.


Kand’ umuriro wavuye muri rya shami, uturira ayandi mashami yawo, n’inzabibu zawo, bituma ata shami rinoze ryo kuvamw’ inkoni y’ubugabe yo kuganzisha iwusigarako. Ayo majambo n’ay’ agacurantimba, kand’ azohora acurishwa intimba.


Kandi ko muvuga ngo Muzomera nk’ayandi mahanga, mube nk’imiryango yo mu bindi bihugu, mukorere ibigirwamana vy’ibiti n’ amabuye: mu vyo mwibgira mu mitima nta na kimwe kizoshika.


Kuk’ umwami w’i Babuloni ahagaze mu mayirabiri, ah’ izo nzira zompi zishamikiye, kugira ngw araguze: azungagiza imyampi, akaraguza ibigirwamana vyitwa terafimu, agasuzuma igitigu.


Kandi nzokurekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkwakirizek’ umuriro w’ uburake bganje, nkugabure mu maboko y’abantu bameze nk’ibikōko, bazi guhonnya.


Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera.


Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokūrirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda.


Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.


Mbeg’ umwami wawe ari hehe, ngw agukize mu bisagara vyawe vyose? N’abashingantahe bawe bari hehe, abo wasavye ngo baguhe umwami n’abaganwa?


Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse.


Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe.


Yambika Aroni ya kanzo, amukenyeza wa mukanda, amwambika na wa mwinjiro, amushirako na efodi, amukenyeza na wa musipi wa efodi ujishwe n’ abahinga, awuyifatishiriza kuri we;


Kukw ibigirwamana vyitwa terafimu bivuga ubusa, n’abapfumu bakaragura ibinyoma; bavōvōta inzozi z’ibihumbagurano, bakaremeshereza abantu ubusa: ni co gituma abantu bazimira nk’intama, bakagorwa, kuko batagira umwungere.


Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari.


Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha,


Uwo mugabo Mika yar’ afise akanyabugoro k’ibigirwamana; arondeza umwambaro witwa efodi na terafimu, yirobanurira umwe mu bahungu biwe ngw amubere umuherezi.


Maze ba bandi ukw ari batanu bāri baragiye gutata igihugu c’i Layishi, babgira bagenzi babo, bati Harya murazi ko mur’ uru rugo harimwo efodi na terafimu n’igishushanyo kibājwe n’igishushanyo kivugutiye mu nkero? None rero ni mwiyumvire ico mwokora.


Maz’ izo zahabu Gideyoni azikoramw’ icitwa efodi, ayishira mu gisagara c’i wabo Ofura; maz’ Abisirayeli bose bahondoganirayo, bayihurumbira nk’ibimaka; ihindukira Gideyoni n’abiwe umutego.


harimwo na Ahiya mwene Ahitubu, Ahitubu mukuru wa Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi yari mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho i Shilo; kandi Ahiya yambara efodi. Arikw abantu ntibamenya ko Yonatani yagiye.


Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.


Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.


Uwo muherezi aramwishura, ati Ya nkota ya Goliyati wa Mufilisitiya watsinda mu mwonga Ela, ehe ngiyi iri hano, izingiriwekw impuzu inyuma ya efodi; ni wagomba kuyijana, uyijane, kukw ata yindi iri hano atar’ iyo. Dawidi aramwishura, ati Nta yiruta iyo; yimpe.


Maz’ umwami abarira Dowegi, ati Kūra hasi weho, wice abo baherezi. Nuko Dowegi Umunyedomu akūra hasi, arabica; uwo musi yica abantu mirongumunani na batanu bambara efodi yera derere.


Kand’ igihe Abiyatari mwene Ahimeleki yahungira iyo Dawidi ari, yamanukanye efodi i Keyila.


Dawidi amenye ko Sauli yamugīriye inama mbi, abarira Abiyatari umuherezi, ati Zana hano efodi.


Maze Dawidi abarira Abiyatari umuherezi mwene Ahimeleki, ati N’unzanire efodi hano. Nuko Abiyatari azanira Dawidi efodi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ