Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 3:1
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ agaburira abantu bose bo mur’ iryo shengero ryose ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye. Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we.


Arik’ Uhoraho bamutera akagongwe, abagirira imbabazi, abasubizak’ umutima kubg’ isezerano yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo, ntiyabarandura; no kugeza n’ubu ntiyabaciye.


Maz’ agaburira abantu bose b’ Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’ inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye.


Yamara naho bimeze birtyo, imbabazi zawe nyinshi zakubujije kubahonnya rwose, ntiwabata, kuk’ ur’ Imana y’inyabuntu kandi y’imbabazi.


Nk’ukw amaso y’abashumba bayahanga ukuboko kwa shebuja, Kandi nk’ukw amaso y’incoreke iyahanga ukuboko kwa inabuja, Ni kw amaso yacu tuyahanga Uhoraho, Imana yacu, Gushitsa ah’ azotugirira ikigongwe.


Bukeye bakoroka kare, batanga ibimazi, baravyosa, bazana n’ibimazi vy’ishimwe; bicarikwa no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.


Ni mumpēmbūze udutore tw’ inzabibu, mundabūze amacungwa, Kuk’ urukundo runshābije.


Ni muntumbere mukizwe, mwa mpera zose z’isi: kukw ari jewe Mana, ata yindi.


Ariko nk’uk’ umugore aryāruka umugabo wiwe akamuta, uko ni ko namwe mwandyārutse, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge.


Abaganwa bārwaye kuborerwa vino ku musi mukuru w’umwami wabo, na we nyene yaya amaboko hamwe n’abacokoranyi.


Bīryāmira i ruhande y’igicaniro cose ku mpuzu z’inkizurano, kandi mu ngoro y’Imana yabo bakahanywera vino baciriye abantu kw iciru.


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.


Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.


Yesu aramubarira, ati Mugenzi wanje, ikikuzanye n’ugikore. Buno baraza, bashōrera amaboko kuri Yesu, baramufata.


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.


Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy’ibigirwamana, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bābisenga: nk’uko handitswe, ngw Abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.


Kukw igihe cashize gihāgije gukora ivy’ abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z’isoni nke, n’izo kwifuza, no kunohorwa na vino, no kudandahirwa, no kurundāna aho bateretse, n’ibizira vyo gusenga ibigirwamana.


Baraheza bakūraho izo mana z’inyamahanga, basubira gusaba Uhoraho, na we aca agira ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli.


Bukeye baja mu ndimiro, bimbura inzabibu zabo, barazigana, bagira umusi mukuru, binjira mu ngoro y’ikigirwamana cabo, bararya baranywa, bavuma Abimeleki.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ