Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 2:5
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Eh’ ukuntu umurwa wizigirwa ucitse maraya; ahāhora huzura imanza ziroranye, hakaba i wabo w’ubugororotsi, none hasigaye ar’ ah’ abicanyi.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw izo mana zawe zingana: kandi nk’ukw inzira zo muri Yerusalemu zingana ni ko mwagiye mushirah’ ibicaniro mubishiriyeho bga buyobe bganyu, ni vyo bicaniro vyo kwoserezakw imibavu Bayali.


Kandi ni wibaza mu mutima, uti N’iki gitumye mbonye aya? Umurengera w’ibigabitanyo vyawe ni wo watumye impuzu zawe zigukūrwako, ibitsintsiri vyawe bigasigara ar’ inkobe.


Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.


Kunda wigishwe, Yerusalemu, umutima wanje woye guhubanwa nawe; noye kuzohava nguhindura amatongo, igihugu kitakirimw’ umuntu.


Nuko rero, wewe maraya, ni wumve ijambo ry’Uhoraho:


Kandi nzokugabura mu maboko yabo, na bo bazosambura ka kanyabugoro kar’ ahibonekeza, basangangure na vya bitabo vyawe; bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake na twa tugenegene twawe twiza: maze bagusige uri gusa ur’amēnya.


Mu mavuka yawe umusi wavutseko uruzogi rwawe ntirwagabiwe, ntiwarushe wuhagirwa amazi ng’ utungane; nta wakwiritse mu munyu na mba, canke ngw agushire mu twahi.


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.


Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko.


Kuko bādūze, bakaja muri Ashuri, nk’ indogoba y’inyeshamba yīgunze ukwayo: Efurayimu yironkeshereje abūzure impēra.


Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.


Kur’ uwo musi inkumi nziza‐nziza bo n’abasore bazorabikwa n’inyota.


Hanyuma abaganwa b’Abafilisitiya bakoranira gutanga ibimazi vyinshi babiha Dagoni imana yabo no kunezerwa, kuko bāvuga, bat’ Imana yacu yagabuye umwansi wacu Samusoni mu maboko yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ