Hoseya 2:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)18 Maze kur’ uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kur’ uwo musi azohagarika ibirenge ku musozi Elayono werekeye i Yerusalemu ahahera i burasirazuba; uwo musozi Elayono uzotemukamwo kubiri uhereye aherekeye i burasirazuba ugashitsa aherekeye i burengerazuba; uzocikamw’ uruhomoka runini cane; igihimba c’uwo musozi kizokwikumira i burārūko, ikindi cikumire i bumanuko.