16 Kandi kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, uzonyita umugabo wawe, ntuzoba ukinyita shobuja.
Ahereza umutima kuri Dina mwene Yakobo; akunda uwo mwigeme, amubarira amagambo asosa.
Muremēshe imitima y’ab’i Yerusalemu, mubabgire musemerera yukw intambara zaho zabangurukanye, k’ umwenda w’igicumuro cabo ushize, kukw ivyaha vyabo vyose babihaniwe kabiri n’ukuboko kw’ Uhoraho.
Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.
Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko jewe nd’ umugabo wanyu; kandi nzobagarukana i Siyoni, umwe ndamukūye mu gisagara kimwe, babiri mu muryango umwe;
maze mbajane mu bugaragwa bg’abanyamahanga, ni ho nzobabūraniriza duhanganye amaso.
Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.
Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.
Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.
Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro, kuk’ ubukwe bga wa Mwagazi w’Intama bushitse, umugeni wiwe ariteguye.
Bukeye umugabo wiwe arīkora, aramukurikira, kugira ngw amuhōyahōye, amugarukane; ajana n’ umuntu wiwe n’indogoba zibiri; ashitse i wabo w’uwo mugore, se wa nya mugore amubonye, aza kumusanganira anezerewe.
Aramwishura, ati Ni ngirirwe akagongwe imbere yawe, mugenzi, kuk’ ummaze umubabaro, ukabarira incoreke yawe neza, naho ntahwanye n’umwe wo mu ncoreke zawe.